Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 7:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 7:14
35 Referans Kwoze  

Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina;


Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.


Ko muzoba mwaranse gukoreranira Uhoraho Imana yanyu umunezero n’umutima ukunze, mugifise umurengera wa vyose,


Nuko yabacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’ umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Muri mwebge ni haba harih’ ūbabaye, n’asenge; namba harih’ ūroraniwe, n’aririmbe ishimwe;


Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.


Ijwi ry’Uhoraho rirasemerera, ribarira igisagara — kand’ umunyabgenge azokwubaha izina ryiwe — riti Ni wumve wa hanga we, nawe koraniro ryo mu gisagara!


Uburake bganje jewe Uhoraho ntibuzokebanuka kugeza aho nzoba nshikije ivy’ umutima wanje wagabiye, mbiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura rwose.


Kubabazwa kwangiriye ikimazi, Kugira ngo nige ivyo washinze.


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


Kandi yashize indirimbo nsha mu kanwa kanje, ni yo shimwe ry’Imana yacu: Benshi bazobirāba, batinye, Bizigire Uhoraho.


Ni co catumye aturekurirak’ uburake bgiwe bg’inkazi n’intambara zikomeye; bikaduturira impande zose, kandi ntitwabimenya, vyaraduturiye yamara ntitwabishirak’ umutima.


N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize, vyose n’ubusa.


maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;


Mukwiye kumenya mu mitima yanyu yuk’ Uhoraho Imana yanyu abahana nk’uk’ umuntu ahana umwana wiwe.


Aheze anezererwe ivyiza vyose Uhoraho Imana yiwe yamuhaye, anezeranwe n’abo mu rugo rwiwe, n’Umulewi n’inyambukīra baba i wabo.


Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


kukw atazi ikizobaho; none ni nde yomubarira ingene bizomera?


Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.


Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Imisi yiwe yose arīra mu mwiza, kand’ akagira umubabaro, akagira indwara n’umwikomo.


Mbega mu kanwa k’Īsumba vyose ntihavamw’ ivyago n’ivyiza?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite