Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 7:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Itegereze igikorwa c’Imana: none ni nde yoshobora kugorora ico yagoramitse?

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 7:13
19 Referans Kwoze  

Ikigoramye ntigishobora kugororwa, kand’ igihaze ntigishobora guharūrwa.


Rāba, irasambura, ntihasubire kwubakika; Yugarana umuntu, ntihashobore kwuguruka.


Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe.


Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.


Kuba mur’ uwo kwaduhesheje gucika ishamvu yayo, twashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri,


Uhoraho Nyen’ ingabo kw ari we yabigabiye, ni nde yobihindura? Kand’ ukuboko kwiwe ko kubānguye, ni nde yogupfunya?


Ūgira ubgenge wese azoshira umutima kur’ ivyo, Kandi bazokwitegereza imbabazi z’Uhoraho.


Nuko wombaza, uti N’iki gituma ikigaya umuntu? Ni nde yankiye ivy’ igomba?


Kuko yabgiye Mose, iti Nzogirira ikigongwe uwo nzokigirira, ngirire n’imbabazi uwo nzozigirira.


Eka ndi yo, uhereye no ku musi w’itanguriro; kandi nta woshobora kugira ico arokora ngw agikūre mu kuboko kwanje. Jewe ico nkora, ni nde yokibuza?


Umve ibi, yewe Yobu: Hagarara, witegereze ibikorwa vy’Imana bitangaje.


Kand’ ababa kw isi bose ibagereranya n’ubusa, kand’ ikora ukw igomba mu ngabo zo mw ijuru, no mu baba kw isi; kandi nta wushobora kubuza ukuboko kwayo, canke kuyibaza, at’ Ukora iki?


Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, N’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye;


Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;


Iyo yiyiziye, igata abantu mu ngoyi, Igakoranya abo kuja mu rubanza, ni nde yoyibuza?


Isūmira ico iteye: ni nde yoyikimiranya? Ni nde yoyibaza, at’ Ivyo ugira n’ibiki?


ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.


Nuko ni mutāshobora gukora igito rwose, n’iki gituma mwiganyira ibindi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite