1 Ukuvugwa neza kuruta amavuta atāmirana y’igiciro kinini, kand’ umusi wo gupfa uruta uwo kuvukako.
Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.
Kuvugwa neza kuruta kugira ubutunzi bginshi, Kandi kuba rurangwa kuruta kugira ifeza n’izahabu.
Ni co catumye nshima abahisi bamaze gupfa kurusha abariho bakibona;
ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.
Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.
Amavuta yawe aratāmirana cane, Izina ryawe rimeze nk’amavuta asutswe; Ni co gituma inkumi zigukunda.
Isāzi zipfuye zituma amavuta yinjijwe n’abahinga babimogoreye anuka umuduhu: ni ko n’ubupfu naho bgoba buke bgonona ubgenge n’icubahiro.
Ukw amavuta atāmirana n’ ibimota neza binezereza umutima, Ni ko n’uburyohe bg’umukunzi w’umuntu bumeze, buvuye mu nama zo mu mutima.
ati Nzozishirira icibutso mu ngoro yanje no mu rugo rwanje, ndazihe n’izina riruta kugira abahungu n’abakobga; nzoziha izina ritazoshira, ritazokūrwaho.
Mu maso hakeye hanezereza umutima, Kand’ inkuru nziza zishira imisokōro mu magufa.
Iyo ni ho abanyakibi barekera kugorana; Iyo ni ho abārushe baruhukira.
Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,
Bimeze nk’amavuta ya elayo y’igiciro kinini yasutswe ku mutwe, Agashororokera mu bganwa, Mu bganwa bga Aroni, Agashororokera ku misozo y’impuzu ziwe.
Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubg’ ukwizera kwabo, ntibahabga ivyasezeranywe,
Icatumye aba kera bashingirwa intahe n’uko bari bagufise.
Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.
Ewe kuntu urukundo rwawe ari rwiza, mushikanje, mugeni wanje! Urukundo rwawe ukuntu rundutira vino! Gutāmirana kw’amavuta yawe ukuntu kundutira imibavu y’ubgoko bgose!
Iherezo ry’ikintu riruta itanguriro ryaco; kand’ uw’ umutima wihangana aruta uw’ umutima w’ubgibone.
None rero, Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho.
Aryama hepfo y’ibirenge vyiwe, ageza mu rubungubungu: avyuka hataragera igihe umuntu yohwihwisha uwundi. Kuko yagira ngo Vyoye kumenyekana yuk’ uyo mugore yaje ku mbuga.
Ūvyumvise akagutuka, Ukaba wambaye ibara ritakuvako.