Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 6:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umuntu naho yovyara abana ijana, akaramba imyaka myinshi, imisi y’imyaka yiwe ikaba myinshi, yamar’ umutima wiwe ntuhāzwe n’ivyiza, bitayeko ntahambge: kubganje arutwa n’inda yakorotse,

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 6:3
23 Referans Kwoze  

Iyo mba narabaye nk’inda ikorotse igahishwa, simba narabayeho; Canke nk’inzoya zitigeze zibona umuco.


Azotabga nk’uko bata indogoba, bamukweze bamushiburiye inyuma y’ibirimba vy’i Yerusalemu.


mbere kurusha abo bose nshima ūtigeze kubaho, atigeze kubona amabi akorerwa musi y’izuba.


Ariko bagiye kumuhamba, ntibagira ico basangaho, atar’ umutwe n’ibirenge n’ibiganza.


Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.


Umwana w’umuntu agira agende, uko vyanditswe kuri we; arik’ uwo muntu agura Umwana w’umuntu azobona ibara: uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atāvutse.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, ati Ntazokwigera agira n’umwe wo gusubira ku ngoma ya Dawidi; umuvyimba wiwe uzotererwa hanze ng’ ube mu ndugumba yo ku murango no mu gikonyozi co mw ijoro.


bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.


Abuzukuru ni bo gitsibo c’ abatāma, Kand’ icubahiro c’abana ni ba se.


Babe nk’igifyera kiyaga kigashira; Babe nk’inda ikorotse, itigeze kubona izuba.


Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.


Nuko Hamani abīgānira ukw atunze, n’uko bimuhaye icubahiro, n’ abana biwe ingen’ ari benshi, n’ ingen’ umwami yamushize hejuru muri vyose, kandi ko yamukujije kuruta abaganwa b’umwami n’ abamenyekana biwe.


Kandi Rehobowamu akundwakaza Mayaka umukobga wa Abusalomu kumurutisha abandi bamikazi biwe bose, n’incoreke yar’ afise zimeze bga bagore; kuko yar’ afise abamikazi cumi n’umunani, n’incoreke mirongwitandatu, avyara abana b’abahungu mirongwibiri n’umunani n’abakobga mirongwitandatu.


None mu bahungu banje bose (kandi muzi yuk’ Uhoraho yampaye benshi), yatoranijemw’ umuhungu wanje Salomo kuba ari we azovyagira ku ntebe y’ubgami bg’ Uhoraho, akaganza Abisirayeli.


I Samariya hār’ abahungu mirongwirindwi bandurutse kuri Ahabu. Bukeye Yehu yandika ivyete, abirungika i Samariya ku bakuru b’igisagara no ku bashingantahe no ku bājejwe abo buzukuru ba Ahabu;


Esau yunamura amaso, abona ba bagore n’abana, aramubaza, ati Barya muri kumwe n’aba hehe? Aramwishura, at’ Abo n’abana Imana yahereye ubuntu umusavyi wawe.


kukw iziye ubusa, ikagenda mu mwiza, izina ryayo rikazimanganira mu mwiza;


N’iki catumye ntāpfuye nkiri mu nda? N’iki catumye impwemu zanje zitāheze nkiyivamwo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite