Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 n’ umuntu Imana yahaye itunga n’ ibintu n’icubahiro, bituma atabura ikintu na kimwe mu vyo umutima wiwe wokwifuje, maz’ Imana ntimuhe kubumbga na vyo, ariko bikazoribga na murundi; ivyo n’ ubusa, kandi n’ibara ribi.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 6:2
24 Referans Kwoze  

Kand’ umuntu wese Imana yahaye ubutunzi n’ibintu, ikamuha ubushobozi bgo kubirya, no gukūramw’ umugabane wiwe, no kunezererwa ibivuye mu butame bgiwe: ivyo na vyo n’ingabire y’Imana.


Uhoraho, uwukize abantu, uwukirishije ukuboko kwawe; Ni bo bantu b’isi, umugabane wabo uri mur’ ubu bugingo. Inda zabo ziragahāga ivyo wababīkiye, Abana babo barakabihāga, Barakabisigariza n’ibibondo vyabo!


Amaso yabo avanywe i mutwe no kuvyibuha, Bafise ibiruta ivyo umutima wokwifuza.


Kandi nguhaye n’ico utansavye: nguhaye ubutunzi n’icubahiro, bitume ata mwami n’umwe azohwana nawe igihe cose ukiriho.


Ishamvu yacu yegukiwe n’ abanyamahanga, N’amazu yacu yegukiwe n’ab’ akavantara,


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Abanyamahanga bamumaze inkomezi, ariko ntabizi; mbere yadombagije n’ imvi, ariko ntabizi.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Kand’ iki na co n’ikibi gikomeye, yuk’ uko yaje kwose ari kw azogenda: non’ afise inyungu ki mu buruhe yaruhiye umuyaga?


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Imana yishura Salomo, it’ Ivyo kw ari vyo biri mu mutima wawe, ukaba udasavye ubutunzi cank’ ibintu, cank’ icubahiro, canke ng’ usabe kw abakwanka bapfa, canke ng’ usabe kuramba; arik’ ukaba wisabiye ubgenge no gutahura, kugira ng’ umenye gucira abantu imanza, abo nakwimitsemwo ng’ubaganze;


Atanga yīsāziye neza, ageze mu zabukuru, ar’ umutunzi n’umunyacubahiro; maz’ umuhungu wiwe Salomo asubira ku ngoma yiwe.


Uhoraho akuza Salomo cane imbere y’Abisirayeli bose, amuha icubahiro c’ubgami kitīgeze kuba ku mwami n’umwe mu bamwītangiye imbere mu Bisirayeli.


Nuko ni mwagenda, muzosanga abantu bīrāye; ico gihugu kirāgutse, kand’ Imana yakigabuye mu maboko yanyu. N’ahantu hadakennye ikintu na kimwe kiba mw isi.


Abanyamahanga bari muri mwebge ni bo bazogenda barushiriza kuja hejuru, namwe muzogenda murushiriza gusubira hasi.


Imirima yo mu ndimiro zanyu, n’ivyo mwakoze vyose, bizoribga n’ihanga mutazi; muzokwama muhahazwa mucuranguzwa na ntaryo,


Har’ ikibi gikomeye nabonye musi y’izuba, n’umuntu gutunga itunga rikazomwica:


N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.


Eh’ ico nabonye kibereye kandi c’igikundiro: n’umuntu kurya akanywa, akanezererwa ivyiza bivuye mu butame bgiwe bgose, ubg’ atamira musi y’izuba, imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye: kukw ivyo ari vyo mugabane wiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite