Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 6:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Icabayeho cose, izina ryaco caryiswe kera; birazwi umuntu ic’ ari co, kandi yukw adashobora kurwanya Iyimurusha ubushobozi.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 6:10
18 Referans Kwoze  

Ereg’ Imana s’umuntu nkanje, ngo ndayishure, Ngo tujane tuje kubūrana.


ati Mbeg’ umunyempāri yohāririza Īshobora vyose? Ūhāririza Imana, ni yishure!


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


Ikiriho ni co cāhozeho, kand’ ikizobaho na co cāhozeho: kand’ Imana isubira kugarukana icamaze guhita.


N’iki gituma uyihāririza? Kukw ata co yirirwa isobanura mu vyayo.


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Umuntu we, imisi yiwe ni nk’iy’ ivyatsi, Nk’ishurwe ryo ku musozi ni ko yamuza.


Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu, aramubaza, at’ Uri hehe?


Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


Ko har’ ibintu vyinshi bigwiza ibitagira ikimazi, none vyungura umuntu iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite