Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 5:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 5:8
60 Referans Kwoze  

Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Kand’ ikindi nongeye kubona musi y’izuba n’uko mw ikombe ry’imanza har’ ukugabitanya; no mw ikombe ry’ubugororotsi na ho har’ ukugabitanya.


Imana ihagaze mw ikombe ryayo; Icira abacamanza urubanza,


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.


Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi,


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Naho vyobera igikomeye amasigarira y’ubu bgoko azoba akiriho mur’ iyo misi, mbega nanje vyombera igikomeye? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


Abagore bo mu bantu banje mubirukana mu mazu yabo bakunda; abana babo bato icubahiro nabahaye mwakibakūyeko gushitsa ibihe bidashira.


Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,


Kuko nzi ibicumuro vyanyu ingen’ ari vyinshi, n’ivyaha vyanyu ingen’ ar’ ibikomeye, yemwe abahahaza umugororotsi, mukarya ingurire, mukazibiranya abakene mu manza muri mw ishikiro ry’igisagara.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba.


Nuko jewe Umwami Imana ni namara guheraheza ivyo nzogirira umusozi Siyoni n’i Yerusalemu vyose, nzoca mpana umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe.


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


mukora ibiki, gusekura abantu banje, mugasya impahazwa? ni k’Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, abaza.


Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.


Kuk’ Uhoraho ar’ Imana ihambaye, N’Umwami ahambaye, asumba ibigirwamana vyose.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Mwami, ubayongobeze, uyoberanye indimi zabo: Kuko nabonye umuryano n’ intambara mu gisagara;


Bene Data, ntimutangazwe n’ukw ab’ isi babanka.


Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse.


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


Ūnyikiza umugorwa aba amugwirije, Kand’ ūgabira umutunzi, aba amukehereje.


Ni wavuga, ut’ Erega ntitwari tubizi: Mbeg’ Ūgera imitima ku munzane ntavyiyumvira? Kand’ Ūzigama ubugingo bgawe ntabizi? Mbega ntazokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze?


Ikigirira ikimazi igihugu muri vyose, n’umwami kwubahwa mu gihugu.


N’ukuri kugunga guhindura umunyabgenge igipfu, kand’ impēra izimiza ubgenge.


Ivyo vyose naravyiboneye, nashize umutima ku gikorwa cose gikorerwa musi y’izuba: har’ igihe umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.


Ariko se wiwe, kuko yahahaza cane, akanyaga mugenzi we ku gahahazo, agakora ibitaroranye mu bgoko bgabo, uyo ni we azopfa azize ibigabitanyo vyiwe.


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Ibaha kuba amahoro, bakayadibamamwo; Kand’ inyonga zayo izihanze ku nzira zabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite