Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ntukundire akanwa kawe gucumuza umubiri wawe; kandi ntuz’ uvugire imbere y’umumarayika yuko kwabaye ugucorokwa: non’ Imana irinde kurakishwa n’ijwi ryawe ku ki, no gusangangura igikorwa c’amaboko yawe?

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 5:6
23 Referans Kwoze  

Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’ iy’ ubusa.


Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi.


Umuherezi az’ atangire impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, na bo bazoharirwa; kuko batābikoze ibigirankana, kandi bakazoba bazanye ikimazi cabo co gutōngōrwa n’ umuriro nshikaniwe, jewe Uhoraho, bo n’ikimazi cabo co gutangirwa ivyaha aho nyene imbere yanje, batangiye ico caha cabaguyeko.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Ndakwihanikiririza mu nyonga z’Imana na Yesu Kristo n’imbere y’abamarayika bātoranijwe, witondere ivyo, ntuce urw’ umwe, ntukore ivyo guca urwa nkunzi.


Ni co gituma umugore akwiye kwambara mu mutwe ikimenyetso co kugabga, kubg’ abamarayika.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo;


Umukuru ni yakora icaha, akagira ico akora mu vyo jewe Uhoraho Imana yiwe nabuzanije vyose, atabigize ibigirankana, akikwegera gutsindwa n’urubanza;


Umutima wawe woye kugirira ishari abanyavyaha, Arik’ ugire ishaka ryo kwubaha Uhoraho burinde bgira.


Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.


Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite