Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Wopfuma utagira ico usezerana, hak’ usezerana ntushitse.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 5:5
8 Referans Kwoze  

Ukiyifise ntiyar’ iyawe? Kand’ umaze kuyigura, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uk’ ugomba? N’iki catumye wīgīra ingingo mu mutima wawe gukora urtyo? S’abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.


N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga, ati N’icera, Maz’ ahejeje kwishira mw isezerano, akībaza.


Ariko ni yareka kugira ico asezerana, ntibizomubera icaha.


Muri mwebge ni hagira ūsezeranira isezerano Uhoraho Imana yiwe, ntaz’ atebe kurishitsa; kuk’ Uhoraho Imana yiwe itazobura kubimubaza, agasanga vyamuhindukiye icaha.


Amubonye, yitantamurirakw impuzu ziwe, ati Mbonye ibara, mwana wanje! Urambabaje, ungiriye nabi! Kuko navyīkūriye mu kanwa, nkabibarira Uhoraho, none sinshobora kwivuguruza.


Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho.


Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite