4 Ni wasezerana isezerano ku Mana, ntutebe kurishitsa; kukw idahimbarwa n’ibipfu: ushitse ico wasezeranye.
umugabo ni yasezeranira Uhoraho isezerano, cank’ akarahira indahiro, akībohesha ivyo araganye, ntaz’ ace mw ijambo ryiwe, arikw az’ ashitse ivyamuvuye mu kanwa vyose.
Mwarumvise kandi kw aba kera bābgiwe, ngo Ntukarahire ngo wirahuruze, arik’ uz’ ukorere Uhoraho ivyo wamusezeraniye:
Musezerane isezerano, murishitse k’Uhoraho Imana yanyu: Uwo Nyene gutinywa, abamukikije bose bamuzanire ingorore.
Uz’ ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe.
Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje, Mbere nzoyashitsa mu maso y’abantu biwe bose.
Ibimazi vyoshejwe bidasonōye, n’ibimazi vy’ivyaha, ntivyaguhimbaye:
Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.
Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho.
Nararahiye ndarengwa Yuko nzokwitondera imanza zawe zigororotse.
tuve hasi, tudūge, tuje i Beteli, nanje nubakirey’ Imana igicaniro, imwe yanyumvira ku musi w’ivyago vyanje, kandi yagendanye nanje mu nzira nagenzemwo zose.
Imana ibarira Yakobo, iti Va hasi, udūge i Beteli, ugerēreyo: unyubakire igicaniro, jewe Imana nakubonekeye igihe wahunga Esau mwene nyoko.
Kand’ Uhoraho azokwimenyesha Egiputa, n’ Abanyegiputa bazomenya Uhoraho kur’ uwo musi: mbere bazosenga batanga ibimazi bashikana amashikanwa, bazosezeranira Uhoraho isezerano, barishitse.
Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara,
Amubonye, yitantamurirakw impuzu ziwe, ati Mbonye ibara, mwana wanje! Urambabaje, ungiriye nabi! Kuko navyīkūriye mu kanwa, nkabibarira Uhoraho, none sinshobora kwivuguruza.
Ishimwe ngushimisha mw ikoraniro ryinshi riva kuri wewe: Nzoshitsa amasezerano nagusezeraniye imbere y’abakwubaha.
N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga, ati N’icera, Maz’ ahejeje kwishira mw isezerano, akībaza.