Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Akanwa kawe ntikagire ico gatuntumukana, kand’ umutima wawe woye gushushudikanya kw ijambo na rimwe imbere y’Imana; kukw Imana iri mw ijuru, nawe ukaba kw isi: nuko rer’ amajambo yawe abe make.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 5:2
21 Referans Kwoze  

Kandi ni mwasenga, ntimukabomboranye amanwa nk’ukw abanyamahanga bagira: biyumvira yuko bazokwumvirwa kubg’ amajambo yabo menshi.


Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ ugucumura, Arik’ uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.


Mbere nk’ukw ijuru ryītāngūye isi, ni kw inzira zanje zītāngūye inzira zanyu, n’ ivyiyumviro vyanje vyītāngūye ivyiyumviro vyanyu.


Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,


Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.


Aburahamu arongera aramubgira, at’ Eh’ ingene mpāngāye gusiguza Umwami wanje, naho nd’ umukungugu n’umunyota gusa:


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


Kukw inzozi ziterwa n’ibikorwa vyinshi, kand’ ijwi ry’igipfu rimenyekanira ku magambo menshi.


N’umutego ku muntu gupfa gutuntumukana ikintu, akavuga, ati N’icera, Maz’ ahejeje kwishira mw isezerano, akībaza.


Yakobo asezerana isezerano, at’ Imana ni yabana nanje, ikanzigamira mur’ uru rugendo ndimwo, ikampa ivyo kurya n’ivyo kwambara,


Arikw Imana yacu iri mw ijuru, Yakoze ibiyihimbaye vyose.


Arongera, ati Mwami ntumpambarire, ntunga nongere mvuge iri rimwe gusa: kumbure hobonekamw’ icumi. Aramwishura, ati Na ho nyene sinokirandura kubg’ abo cumi.


Arongera, ati Mwami ntumpambarire, ntunga mvuge n’iri: kumbure hobonekamwo mirongwitatu. Aramwishura, ati Na ho nyene nta co nzokora mbonyeyo mirongwitatu.


Maze Yefuta asezeranira Uhoraho isezerano, ati Ni wagabura Abamoni mu maboko yanje,


Aramurahira, at’ Ico unsaba cose ndakiguha, n’iyo coba igisate c’ubgami bganje.


n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.


Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.


Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.


Intango y’amagambo yo mu kanwa kaco n’ubupfu, kand’ iherezo ry’ibivuye mu kanwa kaco n’ibisazi vy’icago.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite