Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 5:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kand’ umuntu wese Imana yahaye ubutunzi n’ibintu, ikamuha ubushobozi bgo kubirya, no gukūramw’ umugabane wiwe, no kunezererwa ibivuye mu butame bgiwe: ivyo na vyo n’ingabire y’Imana.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 5:19
6 Referans Kwoze  

Ariko muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutōre bgo kuronka ubutunzi, kugira ngw ashitse isezerano yasezeranye arahira ba sogokuruza banyu, nk’uko biri n’uyu musi.


kand’ ikindi, yuk’ ubuntu bg’Imana ar’ uk’ umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose.


n’ umuntu Imana yahaye itunga n’ ibintu n’icubahiro, bituma atabura ikintu na kimwe mu vyo umutima wiwe wokwifuje, maz’ Imana ntimuhe kubumbga na vyo, ariko bikazoribga na murundi; ivyo n’ ubusa, kandi n’ibara ribi.


nuk’ ubgenge n’ugutahura urabihawe, kandi nzoguha n’ubutunzi n’ibintu n’icubahiro bitīgeze kugirwa n’umwami n’umwe mu bākwitangiye imbere, kandi no mu bazoguherukira nta wuzogira ibihwanye n’ivyawe.


Kandi nguhaye n’ico utansavye: nguhaye ubutunzi n’icubahiro, bitume ata mwami n’umwe azohwana nawe igihe cose ukiriho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite