Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 5:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Imisi yiwe yose arīra mu mwiza, kand’ akagira umubabaro, akagira indwara n’umwikomo.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 5:17
21 Referans Kwoze  

Bibaruhiriza ubusa kuzinduka kare, mugateba cane kuruhuka, Mukarya umutsima w’ubutame: Uwo akunda abimuhēra mw itiro.


Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.


Kuko ndya umunyota nk’ivyo kurya, Nsukiranya ivyo nnywa n’ amosozi,


Bituma irangiza imisi yabo nk’impwemu zihumetswe, N’imyaka yabo iyirangiza mu kanya isase.


Uwundi apfana intimba mu mutima, Atigeze kubona ivyiza.


None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi.


Ziramwishura, ziti Twahūye n’umugabo, aratubarira, ngo Ni tugaruke ku mwami yadutumye, ngo Tukubarire, tut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mbeg’ icatumye utuma kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, ngo N’ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli? ngo Nuko rero, ngo Ntuzovyuka ku kirwa uryamyeko, ng’ Uzopfa nta kabuza.


Umusi ur’ izina, Ahaziya akoroka aciye mu nshingo z’idirisha ryo mu cumba ciwe co hejuru, ah’ aba i Samariya, yenderamwo kurwara. Bukeye arungika intumwa, ati Ni mugende mundagurize Bayali‐zebubi, imana y’i Ekuroni, mumbarize ko nzokira iyi ndwara.


Aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’ Uhoraho Imana yawe, nta co mfise co kurya, atar’ agafu ku rushi gasigaye mu gaseke, n’uturāngūzwa tw’amavuta ya elayo mu gakarabo; mber’ ubu ngira ntoragure udukwi tubiri, kugira ngo ngende i muhira ndakīcumbire, twe n’umwana wanje, tukarye, duheze duhwere.


Abarira Adamu na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe;


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Kukw imisi yiwe yose ar’ imibabaro, kand’ umuruho wiwe ar’ intuntu; mbere no mw ijoro na ho umutima wiwe nturonka akaruhuko. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.


Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.


Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe. Ivyo na vyo nabonye ko biva mu kuboko kw’Imana.


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite