Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Urinde ikirenge cawe iy’ uja mu ngoro y’Imana; kuko kwēgēra ngo wumve kuruta gutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko batazi ko bakora ibizira.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 5:1
28 Referans Kwoze  

Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka:


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Nuk’ uwo mugabisha w’ingabo z’Uhoraho yishura Yosuwa, ati Kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ ahēra. Nuko Yosuwa abigenza artyo.


Iramubarira, iti Reka kwēgēra hano, kandi kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ahēra.


Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,


Mbega yemwe: ntimufise ingo zo kurīramwo no kunyweramwo? Canke mukēngēra ishengero ry’Imana, mugatētereza abadafise? Ndababgire iki? Ndabashime? Kur’ ivyo simbashima.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Arikw amaze kuba agahambaye, yishira hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya, acumura k’Uhoraho Imana yiwe; kuko yinjiye mu rusengero rw’Uhoraho ngo yosereze imibavu ku gicaniro ihora yoserezwako.


at’ Uz’ ucure ikigārigāri mu miringa co gukaraba, kigire n’intebe y’ umuringa nyene; uz’ ugishire hagati y’ihema ry’ibonaniro n’ igicaniro, ugisukemw’ amazi.


ati Mbeg’ isinzi ry’amajambo ntirikwiye kwishurwa? Ugira ng’umuntu yotsindanishirizwa n’ukw ar’ imvuzi?


Mbeg’ Imana ntiri hejuru mw ijuru? Kandi rāba inyenyeri ziri hejuru iyo bigwa, ingene zir’ ahītereye kure!


Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ ugucumura, Arik’ uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite