5 Igipfu kizinga amaboko, kikīrya inyama.
Umuntu azosahurira i buryo bgiwe, ariko yame ashonje; azorya n’ivy’ i bumoso, na ho nyene ntahāge: umuntu wese azorya mugenzi we kw inyama.
Mu gihe c’imbeho umunebge ntakunda kurima, Ni co gituma mw iyimbura aja gusēgerereza ntagire ico aronka.
Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka, Arik’ umutima w’abanyamwete uratotahara.
Ar’ ugupfa, mpfe, Ar’ uguheba amagara yanje, ndayahebe.
Umunyabute ntatara inyama z’ico yahīze, Arikw ikintu c’igiciro ku muntu n’umwete.
Umunyakigongwe agirira neza umutima wiwe ubgiwe, Ariko ruburakigongwe agirira nabi umubiri wiwe ubgiwe.
Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.
Uzogeza ryari kwiryamira, ga wa munebge we? Uzovyuka ryari ng’ uve mw itiro?