Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abo bantu bose yaganza, ubginshi bgabo ntibgagira uko bungana: yamar’ abazobaho hanyuma ntibazomunezererwa. N’ ukuri ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 4:16
12 Referans Kwoze  

Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.


Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.


Maz’ abantu bose bamukondorera inyuma, baradūga, bavuza imyironge, basēsereza impundu nyinshi, urwamo rwabo rutuma imisozi yāsīra.


Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.


Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu.


Nitegereje abariho bose bagendagenda musi y’izuba, mbona bikumiye ku ruhande rwa wa musore umwe yakurikiye umwami ku ngoma, akamusubirira mu gishingo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite