Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 4:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Umuhungu mworo w’umunyabgenge aruta umwami ashāje akaba igipfu, atacemera guhanūrwa.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 4:13
11 Referans Kwoze  

Akirikw aramubarira, umwami aramubaza, ati Har’ aho twākwātiye ng’ uje mu bashingantahe banje? Ziba, ntuhave ukubitwa! Nuk’ uwo muvugishwa arahora, arikw aravuga, ati Nzi yukw Imana yagabiye kukwica, ko wakoze ivyo, kandi wanse kwumva inama yanje.


Umworo agendera mu gutungana kwiwe Aruta uw’ iminwa idambikanya kandi w’igipfu.


Umworo agendera mu bugororotsi bgiwe Aruta ikigoramange kijana inzira zibiri, nah’ ar’ umutunzi.


Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!


Ivy’ uruvyaro rwa Yakobo n’ibi. Yosefu, amaze imyaka cumi n’ indwi, yaragirana umukuku na bene se; kandi yar’ akir’ umwana kuri bene Biluha na bene Zilupa baka se: kandi yama abarira se inkuru z’ibibi bakora.


Nah’ umuntu yoshobora kunesha umwe, babiri bomunanira, kand’ igitsibo c’imigozi itatu ntigicika vuba.


Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite