Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 4:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kuk’ umwe ni yatemba mugenzi we azomuvyura: arik’ ūtemvye ari wenyene, adafise ikimuvyura, aba agowe.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 4:10
17 Referans Kwoze  

Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.


Nuko mwiruranishe ayo majambo.


Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’ impwemu mutunganye ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi.


Bukeye Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’ Imana.


Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.


Kandi jewe incoreke yawe nari mfise abana b’ abahungu babiri; bukeye basindira ku gahinga, batagira ūbabanguranya; nuk’ umwe akubita uwundi, agwa bukumbi.


Hanyuma agandutse, Dawidi atuma kumuzana i we, aramucūra; bavyarana umwana w’umuhungu; arikw ivyo Dawidi yakoze vyababaje Uhoraho.


Mose abaza Aroni, ati Mbeg’ aba bantu bakugize bate catumye ubazanakw icaha kingana girtyo?


Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubg’ ubutame bgabo.


Kand’ ikindi, babiri iyo baryamanye barasusuruka: arik’ umuntu umwe gusa yosusuruka ate?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite