Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 igihe co gukundana n’igihe co kwankana; igihe c’intambara n’igihe c’impore.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 3:8
19 Referans Kwoze  

Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura,


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Ut’ Ariko we, Uhoraho Imana yiwe amuhaye impore impande zose; uti Nta murwanizi nta n’agakakaza.


ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma.


Uhoraho, mbega sinanka abakwanka? Kandi sinshavuzwa n’abagukūriye hasi?


Maze Yehu mwene Hanani kamenyi aja kumusanganira; abaza umwami Yehoshafati, at’ Aho war’ ukwiye gutabara abanyakibi, ugakunda abanka Uhoraho? Kubg’ ivyo wikwegeye uburake bg’Uhoraho.


kugira ngo batoze abagore bakiri bato ubgenge bgo gukunda abagabo babo n’abana babo,


mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.


Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Uko ni ko Yosuwa yanesheje ico gihugu cose, nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose. Maze Yosuwa akigabanganya Abisirayeli ngo kibe ishamvu yabo, nk’ukw imiryango yabo iri. Nukw igihugu gihabga impore.


Sinzogira ikibi nshira imbere y’amaso yanje: Nanka igikorwa c’ibigoryi; Ntikizomatana nanje.


Umuntu agororotse yanka ibinyoma, Arik’ umuntu w’umunyakibi n’agatētereza kandi n’agaterasoni.


Maze Yoramu abonye Yehu, aramubaza, ati N’amahoro ga Yehu? Aramwishura, at’ Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’ isinzi?


Ahindura imitima ya bano ngo banke abantu biwe, Bagīra icenge abasavyi biwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite