Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 igihe co gutabura n’igihe co kubarīra; igihe co gucereza n’ igihe co kuvuga;

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 3:7
32 Referans Kwoze  

Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore wawe mupfumbatirana.


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


Ni yicare wenyene, acereze, kukw ar’ Uhoraho yayimwambitse.


imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


kuko twe n’ubgoko bgacu twaguzwe, ngo tugesezwe, twicwe, duhone. Iyo tuba twaraguzwe ngo tuje mu buja gusa, nocereje, kuko naho vyodukomereye cane, sinorinze kugora umwami.


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Mbega none n’iki kikitwicaritse? Enda ni mwegerane, tuje mu bisagara vyubakiwe inzitiro, twumireyo; kuk’ Uhoraho Imana yacu atwumije, aduhaye amazi y’ubumara ngo tuyanywe, kuko twacumuye k’Uhoraho.


Maze barihorera, ntibamwishura ijambo na rimwe, kukw ijambo ry’umwami ryari ryavuze, ngo Ntimugire ico mumwishura.


Kutavuga kwangize ikiragi, ndahora; naho vyoba ivyiza sinabivuga; Umubabaro wanje urafururwa.


Maz’ umwami yumvise uyo mugore, yitantamurirakw impuzu ziwe; nukw arikw arahita ku ruzitiro, abantu barāvye, babona yambaye amagunira imbere ku mubiri.


Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe rāba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire!


Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.


Dawidi araheza abarira Yowabu n’abari kumwe na we bose, ati Ni mwitantamurirekw impuzu zanyu, mukenyere amagunira, muririre i ruhande ya Abuneri. Maz’ umwami Dawidi akurikira ikigagara ciwe.


Maze Dawidi afata impuzu ziwe, azītantamurirako, n’abantu bose bari kumwe na we bagira kuno;


Mbega nosubira nte kuri data, ntari kumwe n’uwo muhungu? Reka noye kuzobona ivyago bizoba kuri data.


Maze Yuda aramwegera, aramubarira, ati Mugenzi, zirikana, ndagusabe ijambo mvuga, ntumpambarire, jewe umusavyi wawe: kuk’ umeze nka Farawo.


Yakobo yitantamurirakw impuzu ziwe, akenyera amagunira, amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe.


Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe.


Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.


Kandi nta bgoba bāgira, ngo bitantamurireko n’impuzu zabo, ar’ umwami canke n’umwe wo mu basavyi biwe bumvise ayo majambo yose.


Maze bicarana na we hasi, bamara imisi ndwi ku murango no mw ijoro; ntihāgira ūmubgira ijambo, kubgo kubona umubabaro wiwe kw ari mwinshi cane.


igihe co kurondera n’igihe co gutakaza; igihe co kubungabunga n’igihe co guta;


Sauli yishura se wabo, ati Yatubariye neza kw indogoba zabonetse. Ariko ku vy’ubgami Samweli yamubariye, ntiyagira ico amukerukiriza.


Maz’ abantu barihorera, ntibamwishura ijambo na rimwe, kukw ijambo ry’umwami ryari ryavuze, ngo Ntimugire ico mumwishura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite