Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 har’ igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe;

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 3:2
36 Referans Kwoze  

Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Imisi yiwe ko yashinzwe, igitigiri c’amezi yiwe kikaba gifiswe nawe, Ukaba waramushingiye akarimbi adashobora kurēngāna;


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.


Arabishura, at’ Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa.


Umugore iy’ aramutswe, aja mu mubabaro, kukw igihe ciwe kigeze, arikw iy’ umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kukw anezerejwe n’uk’ umuntu avutse mw isi.


Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira upfe, utagikira.


Mbeg’ umuntu akiri mw isi ntaba ari mu ntambara? N’imisi yiwe si nk’iy’ umucangero?


Mur’ ico gihe Mose aravuka, yari mwiza cane, bamurerera mu nzu kwa se amezi atatu;


Arikw igihe c’isezerano kigira gishike, iry’ Imana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi muri Egiputa,


Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.


Kand’ umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y’umuhungu mu butāmakazi bgiwe, uwitwa ingumba uku n’ukwezi kwiwe kwa gatandatu:


Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’ umwite Yohana:


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Uku abe ari k’umubarira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Rāba, ico yubatse azogisambura, kand’ ico yatēragiye azokirandura: azokora artyo mu gihugu cose.


Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Ririmba, mugore w’ingumba utigeze kuvyara, turika uririmbe usemerere, wewe utigeze kuramukwa: kukw abana b’intābga ari benshi, baruta abana b’ūfise umugabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


riti Genda ubarire Hezekiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Ehe ku misi yawe yongeyekw imyaka cumi n’itanu.


Uwari yaragumbashe amuha kwubaka urugo, Ari nyina w’abahungu anezerewe. Haleluya!


Nawe Imana izogucuranguza gushitsa ibihe vyose, Izokuraha, igushikure mw ihema ryawe, Ikurandurane n’imizi igukūre mw isi y’abariho. Sela.


Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.


Elisa aramubarira, at’ Umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu. Na we aramwishura, ati Sigaho nyabuna, muntu w’Imana, reka kumpenda jewe umusavyi wawe.


Avuga n’ ijwi rirenga, avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro, at’ Ewe wa gicaniro, ewe wa gicaniro! Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mu nzu ya Dawidi hazovuka umwana yitwa Yosiya; ngo Kand’ abaherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi bahora bosereza imibavu kuri wewe, ng’ Uyo azobatanga bga bimazi kuri wewe nyene, ngo Kandi kuri wewe ni ho bazoturirira amagufa y’ abantu.


Abāhoran’ agahimbo basigaye baca ingero, Arikw abāhora bashonje ntibagicumukura. Mber’ uwahora ar’ ingumba avyaye indwi, Uwavyaye benshi arahondobereye.


Nuko Mose umusavyi w’ Uhoraho apfira ngaho mu gihugu c’i Mowabu, nk’ukw ijambo ry’ Uhoraho ryavuze.


Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa:


Ariko, isezerano ryanje nzorikomeza na Isaka, uwo muzovyarana na Sara mu gihe nk’iki c’ umwaka utaha.


Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, Uvyiroranirize mu ndimiro, Hanyuma uz’ ubone kwubaka inzu.


Mbeg’ umurimyi avyiririra kuzobiba, yama avyirira na ntaryo? Mbega yama avyirira agakubita imvyirire na ntaryo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite