15 Ikiriho ni co cāhozeho, kand’ ikizobaho na co cāhozeho: kand’ Imana isubira kugarukana icamaze guhita.
Icabayeho cose, izina ryaco caryiswe kera; birazwi umuntu ic’ ari co, kandi yukw adashobora kurwanya Iyimurusha ubushobozi.
Maze ndahindukira ngo nitegereze ubgenge n’ubujuju n’ubupfu: non’ umuntu azosubira ku ngoma akurikiye umwami azogenza ate? Azokora icari carakozwe nyene.