Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 3:11
19 Referans Kwoze  

Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


Mbega woshobora kugenzura ibidashikīrwa vy’Imana? Woshobora kumenya Īshobora vyose ukanonosora?


ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.


Ni yo ikora ibihambaye bidaserangurwa, N’ibitangaza bidaharūrika;


Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatandatu.


Baratangara cane, baravuga, bat’ Akoze vyose neza: azibūra n’ibipfamatwi, kand’ avugisha ibiragi.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.


Eh’ ico nabonye n’iki kimwe gusa, n’ukw Imana yaremye abantu bagororotse; ariko bo birondereye ivyo bigeneye vyinshi.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Īshobora vyose nta ho twoshobora kuyiserangura: ifise ububasha bunyomoje; Kand’ ica imanza zibereye, igira ukugororoka kwinshi: Nta ho idendereza.


Uhoraho yaremye ikintu cose ngo kigire ico gikora, Mbere n’abanyakibi na bo yabashizeho ngo babone umusi mubi.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


Itegereze igikorwa c’Imana: none ni nde yoshobora kugorora ico yagoramitse?


Ivyo vyose nabigerageje mu bgenge; naravuze, nti Nzoba umunyabgenge; ariko bgambaye kure.


Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite