Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco:

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 3:1
12 Referans Kwoze  

Navuze mu mutima, nt’ Imana izocira imanza umugororotsi n’umunyakibi: kuko kuri yo ari ho har’ igihe c’ikibaho cose n’igikorwa cose.


Mu mutwenzi, muravuga muti Hagira hafurungane, kukw ijuru ryirasiye, kandi ryiraburaniwe. Murazi kugenzura ijuru uko risa, arikw ibimenyetso vy’ibihe ntimuzi kubigenzura.


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Aramubarira, ati Mbeg’ ugira ng’ umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhūre? Mbeg’ iki n’igihe co kwākīra amahera n’imyambaro, n’imirima y’imyelayo n’iy’ imizabibu, n’intama n’ inka, n’abagurano n’abaguranokazi?


Umuntu anezererwa ukwishura kw’akanwa kiwe, Kand’ ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!


Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.


Nuko nca nanka ubugingo, kukw ibikorwa bikorerwa musi y’izuba vyammereye nabi: kuko vyose ar’ ubusa no guhahamira umuyaga.


Maz’ abonye kw ashitse mu magorwa, yinginga Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi imbere y’Imana ya ba sekuruza.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, Uvyiroranirize mu ndimiro, Hanyuma uz’ ubone kwubaka inzu.


Aho hantu ni ho basemerereye, bati Farawo umwami wa Egiputa n’ukureremesha akarūru gusa! Yazangazanze mu gihe cashinzwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite