Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 niguriye abagurano b’ abagabo n’abakobga, bavyarira abandi mu rugo rwanje; kandi nagize itunga ryinshi ry’amasho n’ imikuku kurusha abāntanguriye bose i Yerusalemu;

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:7
16 Referans Kwoze  

Nuk’ Uhoraho aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere: aronka intama ibihumbi cumi na bine, n’ ingamiya ibihumbi bitandatu, n’ inka zirima ibihumbi bibiri, n’ indogoba zivyara igihumbi.


Itunga ryiwe ryar’ intama ibihumbi ndwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zirima, n’indogoba zivyara amajana atanu, n’abahinda mu rugo benshi cane; nuk’ uwo muntu yar’ ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.


Abuzukuruza b’abasavyi ba Salomo n’aba: abo mu ba Sotayi, no mu ba Sofereti, no mu ba Perida,


Abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero bose, bo n’abuzukuruza b’abasavyi ba Salomo, bose na bose bar’ amajana atatu na mirongwicenda na babiri.


Kandi yubaka iminara no mu bugaragwa, yimbisha n’ivyobo vyinshi vyo kubīka amazi, kuko yar’ afise amasho menshi mu gihugu gishashe no mu biyaya; yar’ afise n’abarimyi n’abazi gutunganya imizabibu mu misozi no mu matongo amera cane, kuko yar’ umurimyi.


Kandi Mesha umwami w’i Mowabu yar’ umutunzi w’intama; yama ashikanira umwami w’Abisirayeli ubgoya bukemuwe ku bana b’intama ibihumbi ijana, n’ubg’ amapfizi y’intama ibihumbi ijana nyene.


n’ibimasa cumi vyagaburiwe neza, n’ ibindi mirongwibiri vyirishiriza, n’intama ijana, ukūyemw’ impongo n’ingeregere n’amafumberi, bo n’inkoko zagaburiwe neza.


Arongera, at’ Erega nta ruvyaro wampaye, kand’ umunyarugo yavukiye i wanje ni we azotora ivyanje.


Aburamu yumvise yuk’ uw’ i wabo yafashwe mpiri, ajana abanyarugo biwe bize kurwana, bāvukiye i we, amajana atatu n’icumi n’umunani, barabakurikira, babahambiriza i Dani.


Kandi Aburamu yar’ umutunzi cane w’amasho n’imikuku n’amafeza n’amazahabu.


Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa,


Abuzukuruza b’abasavyi ba Salomo n’aba: abo mu ba Sotayi, no mu ba Hasofereti, no mu ba Peruda,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite