Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 nigomereye amazi ngw avomerwe ingemwe z’ibiti vyatewe;

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:6
7 Referans Kwoze  

Maze nkomeza inzira nshika kw irembo rija kw iriba, nshika no ku kidengeri c’umwami, ariko ntihaboneka inzira ifarasi nagenderako icamwo.


Kukw azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi, gishōrera imizi yaco i ruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikāmana itōto; ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama.


Izosi ryawe rimeze nk’umunara wubakishijwe amahembe y’inzovu; Amaso yawe asa n’ibidengeri vy’i Heshiboni, biri kw irembo ry’i Bati‐Rabimu; Izuru ryawe rimeze nk’umunara w’i Lebanoni, Irābana n’i Damasiko.


Azoba nk’igiti gitewe hafi y’ imigezi y’amazi, Cama igihe caco, Ibibabi vyaco ntivyuma: Ic’ azokora cose kizomubera ko.


bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.


Irembo rija kw iriba risanwa na Shalumu mwene Koli‐hoze, umukuru aganza intāra y’i Misipa, araryubaka ararisakara, ariterakw inzugi zaryo, n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo, yubaka n’uruzitiro rwo ku kidengeri Shela co ku ndimiro y’umwami, kurinda ashitsa ahagenda hadondagirwa hamanuka hava ku gisagara ca Dawidi.


Hakurikira Nehemiya mwene Azibuki, umukuru aganza igice c’intāra y’i Beti‐suri, agenda arasana ashitsa aharābana n’imva za Dawidi, no ku kidengeri cāgomewe, arinda ashitsa no ku nzu y’abahizi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite