Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:26
24 Referans Kwoze  

Umunyangeso nziza araga n’ abuzukuru, Arik’ ubutunzi bg’umunyavyaha buba buziganirijwe umugororotsi.


Ūgwirisha itunga ryiwe inyungu ivuye ku vyo yagurānye, akāka n’ibirenzeko, Aba abirundanirije ūgirira akagongwe abagorwa.


Kugeza ubu nta co mwasavye mw izina ryanje; musabe muzohabga, ng’umunezero wanyu wuzuzwe.


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Ariko har’ impwemu mu bantu, Kand’ ibihumetswe n’Īshobora vyose bibaha gutahura.


Maz’ Uhoraho abgira Nowa, ati Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje.


Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.


Ni nde yashize ubgenge mu mutima w’umuntu? Canke mu mushaha wiwe ni nde yahashize ugutahura?


N’ukuri umuntu wese agenda nk’icijiji; N’ukuri bahagarikira imitima ubusa: Umuntu arundanya ubutunzi, atazi ūzobutwara.


Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge.


Kuk’ Uhoraho atanga ubgenge, Mu kanwa kiwe havamw’ ukumenya n’ugutahura.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


None ni nde ashobora kurya, canke ni nde ashobora kugira umunezero kurusha jewe?


Nitegereje umuruho Imana yahaye abana b’ abantu ng’ ubaruhishe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite