23 Kukw imisi yiwe yose ar’ imibabaro, kand’ umuruho wiwe ar’ intuntu; mbere no mw ijoro na ho umutima wiwe nturonka akaruhuko. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.
Umuntu yavyawe n’umugore Amara imisi mike kand’ adundubiwe n’amagorwa.
Arik’ umuntu avukira amagorwa, Nk’ukw amasase atabura gutarukira mu kirēre.
Bibaruhiriza ubusa kuzinduka kare, mugateba cane kuruhuka, Mukarya umutsima w’ubutame: Uwo akunda abimuhēra mw itiro.
baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.
Nuk’ umwami asubira mu ngoro yiwe, akesha ijoro adafūnguye, ata n’ivyo kumunezereza bamuzanira; ntiyaruha agoheka.
Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.
Kuko mu bgenge bginshi harimw’ intuntu nyinshi, kand’ ūgwiza ukumenya aba agwije umubabaro.
Utunezereze umunezero ungana n’imisi watubabarijemwo, N’imyaka twabonyemw’ ivyago.
Kuk’ ukuboko kwawe kwandemēra ku murango no mw ijoro, Ukubengagira kwanje kugahinduka nk’ukwuma kwo mu ci. Sela.
Iryo joro nyene umwami abura itiro; aca avuga ko bazana igitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe, nuko bagisomera umwami.
Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.
Abarira Adamu na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe;
Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.
Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.
Imisi yiwe yose arīra mu mwiza, kand’ akagira umubabaro, akagira indwara n’umwikomo.
Mmaze gushira umutima wanje ku kumenya ubgenge no kwitegereza igikorwa gikorerwa kw isi — kuko har’ Uwo amaso yiwe atabona agatiro, ari ku murango canke mw ijoro —