Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 None se, umuntu akūra iki mu butame bgiwe bgose, no mu mwitwaririko w’umutima wiwe, mu vyo yaruhiyemwo musi y’izuba?

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:22
21 Referans Kwoze  

Mbeg’ umuntu aronka inyungu ki mu butame bgiwe bgose ubg’ atamira musi y’izuba?


Bibaruhiriza ubusa kuzinduka kare, mugateba cane kuruhuka, Mukarya umutsima w’ubutame: Uwo akunda abimuhēra mw itiro.


Muyikorere amaganya yanyu yose, kukw ibababara.


Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambaye biba bitubūmvye.


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.


Urushi rumwe rwuzuye rufatanye n’impore ruruta amashi yuzuye afatanye n’ubutame no guhahamira umuyaga.


Mbeg’ ūkora aronka inyungu ki mu vyamutamije?


Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?


Uduhe ivyo kurya dukwiranye uyu musi;


Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.


Imisi yiwe yose arīra mu mwiza, kand’ akagira umubabaro, akagira indwara n’umwikomo.


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Kandi ntimukītwaririke ivyo murya n’ivyo munywa, ntimukiganyire.


Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.


Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’ amagara ntaruta ivyo kurya, cank’ umubiri nturuta ivyambarwa?


Inda y’ūkora ni yo imukoresha, Kukw akanwa kiwe kamusaba.


Nuko namwe mugāmburukire abameze bartyo, n’uwundi wese afatanije n’abandi mur’ ico gikorwa, agatama.


Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite