Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kuk’ umuntu mu butame bgiwe ari n’ubgenge n’ukumenya n’uburyo; yamar’ azobisigarana uwundi atābitamiye, bibe umugabane wiwe. Ivyo na vyo nyene n’ubusa, kandi n’ibara.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:21
15 Referans Kwoze  

Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


Mbeg’ ubeshejwe ku ngoma n’uk’ urushije abandi kwubakisha amasederi? Mbega so ntiyabonye gufungura no kwuhira? Yamara we yaciye iziroranye n’izibereye; maze yibereye amahoro.


Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.


Ntihīgeze kuba umusi wa Pasika uhwanye n’uyo mu Bisirayeli, uhereye mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli; kandi nta wundi mu bami b’Abisirayeli yagize umusi mukuru wa Pasika uhwanye n’uwo Yosiya yagize, bo n’abaherezi n’Abalewi n’Abayuda bose n’ Abisirayeli bāri ngaho, n’ababa i Yerusalemu.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, agendera mu ngeso nziza za sekuruza Dawidi, ntiyatambamira i buryo cank’ i bumoso.


Kukw abona kw abanyabgenge bapfa, Igipfu n’ikijuju bikarandukana, Bagasigarana abandi ubutunzi bgabo.


Bituma nisubiramwo mpebuza umutima wanje ku vy’ubutame bganje bgose, ivyo natamiye musi y’izuba.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Har’ umuntu w’inyakamwe, atagira uwundi; mbere ntagira n’umwana cank’ uwo bavukana; yamar’ umuruho wiwe wose ntugira iherezo, kand’ amaso yiwe ntahāga ubutunzi. Aribaza, ati None nduhira nde, nkiyima ivyiza? Ivyo na vyo nyene n’ubusa, mbere n’umuruho ugoye.


Mwami, non’ ico ndorereye n’iki? Ni wewe nizigira.


Imva ni zo zizoba imigerēro yabo y’ibihe bidashira: Ni ho bazoba ibihe vyose, Nah’ amashamvu yabo bāri bāyitiriye amazina yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite