Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kandi ni nde yomenya yuk’ uyo azoba umunyabgenge cank’ igipfu? Yamar’ azoganza ivyavuye mu butame bganje bgose ivyo natamiye, nkerekaniramw’ ubgenge musi y’ izuba. Ivyo na vyo nyene n’ubusa.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:19
14 Referans Kwoze  

Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


Ni co catumye mbona yukw ata kintu kirenze ibi, umuntu kunezererwa ibikorwa vyiwe; kukw ico ari co mugabane wiwe: none ni nde azomugarukana kurāba ibizobaho hanyuma yiwe?


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.


Kandi nabonye musi y’izuba ubgenge mur’ ubu buryo, kandi bgambereye igikomeye:


Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.


Maz’ umwami yanse inama yagīriwe na ba bashingantahe, yishura abantu abakankamira,


Bituma nisubiramwo mpebuza umutima wanje ku vy’ubutame bganje bgose, ivyo natamiye musi y’izuba.


Nuko Salomo ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa wa se Dawidi; maz’ umwana wiwe Rehobowamu asubira ku ngoma yiwe.


Maze nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga, kandi nta nyungu iriho musi y’izuba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite