15 Maze ndibaza mu mutima wanje, nt’ Iherezo ry’igipfu ni ryo rizoba iherezo ryanje; none se, kumurusha ubgenge vyammariye iki? Maze ndavuga mu mutima wanje, yuko na vyo ar’ ubusa.
Non’ umunyabgenge arusha iki igipfu? Cank’ impahazwa izi kwitunganya imbere y’abariho biyimariye iki?
Namaze kubona ibikorwa vyose bikorerwa musi y’izuba; nasanze vyose ar’ ubusa, ar’ uguhahamira umuyaga.
Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!
Kuko mu bgenge bginshi harimw’ intuntu nyinshi, kand’ ūgwiza ukumenya aba agwije umubabaro.
Nibgiye mu mutima wanje, nt’ Ehe nironkeye ubgenge bginshi kurusha abanyitangiye imbere bose i Yerusalemu: mber’ umutima wanje wiboneye ubgenge bginshi n’ukumenya.
N’ubusa gusa, ni k’Umusiguzi agize; n’ubusa gusa, vyose n’ubusa.
nuko nkugiriye nk’uk’ usavye: ehe nguhaye umutima w’ubgenge wo gutahura, ata we muhwanye mu bākwitangiye imbere canke mu bazoguherukira.
Ko har’ ibintu vyinshi bigwiza ibitagira ikimazi, none vyungura umuntu iki?