Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Umunyabgenge amaso yiwe aba mu mutwe, arikw igipfu co kigendera mu mwiza: yamara nabonye yukw iherezo rya bompi ari rimwe.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:14
16 Referans Kwoze  

Kukw abona kw abanyabgenge bapfa, Igipfu n’ikijuju bikarandukana, Bagasigarana abandi ubutunzi bgabo.


Ubgenge bur’ imbere y’ūkerebutse, Arikw amaso y’igipfu agenda ajarajara gushitsa ku mpera z’isi.


Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.


Arik’ uwanka mwene Data wundi ari mu mwiza, kand’ agendera mu mwiza, ntazi iy’ aja, kuk’ umwiza wamuhumishije amaso.


Kukw iherezo ry’abana b’abantu ari ryo herezo ry’ibikōko; iherezo ni rimwe: nk’uko bapfa ni ko bipfa; mbere vyose bihumeka kumwe, kand’ umuntu nta co asumbije ibikōko: kuko vyose ar’ ubusa.


Maze ndavuga, nt’ Ubgenge buruta inkomezi: yamara rero, ubgenge bga wa mworo bgarakēngerewe, n’ amajambo yiwe ntibaba bakiyemera.


Ni nde ameze nk’umunyabgenge? Ni nde azi ukw ikintu gisobanurwa? Ubgenge bg’umuntu buzana umuco mu maso hiwe, bukahakūra iminkanyari.


Ni vyiza kuja mu nzu y’abagandaye kuruta kuja mu nzu y’intumire: kukw ari ryo herezo ry’abantu bose, kand’ ūkiriho abishirak’ umutima.


mbere naho yoba yararamvye imyaka ibihumbi bibiri: mbega bose itāhiriro si rimwe?


Ubgenge bg’uwitonda bumumenyesha inzira yiwe, Arik’ ubupfu bg’ibipfu burabihenda.


N’ivyo kwifuzwa kuruta izahabu, naho zoba izahabu, nyinshi zitarimw’ inkamba: Bisōsa kurusha ubūki, n’umutsāma w’ikigigu utonyanga.


Ar’ umunyabgenge, ar’ igipfu, nta wuzohora yibukwa ibihe vyose; kuko mu misi izoza bose bazoba bamaze kwibagirana. Ereg’ umunyabgenge apfa nk’ukw igipfu gipfa na co!


Imva ni zo zizoba imigerēro yabo y’ibihe bidashira: Ni ho bazoba ibihe vyose, Nah’ amashamvu yabo bāri bāyitiriye amazina yabo.


Non’ umunyabgenge arusha iki igipfu? Cank’ impahazwa izi kwitunganya imbere y’abariho biyimariye iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite