12 Maze ndahindukira ngo nitegereze ubgenge n’ubujuju n’ubupfu: non’ umuntu azosubira ku ngoma akurikiye umwami azogenza ate? Azokora icari carakozwe nyene.
Kandi nashize umutima wanje ku kumenya ubgenge, no ku kumenya ubujuju n’ubupfu ivy’ ari vyo: na vyo nyene nabonye kw ar’ uguhahamira umuyaga.
Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.
Ikiriho ni co cāhozeho, kand’ ikizobaho na co cāhozeho: kand’ Imana isubira kugarukana icamaze guhita.