Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nibgiye mu mutima wanje, nt’ Enda nkugeragereshe ibinezereza; nuko rer’ uhimbarwe n’ivyiza: kandi rāba n’ivyo na vyo vyabaye ivy’ ubusa.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 2:1
27 Referans Kwoze  

Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.


Maze rero nca nshima ibinezereza, kukw ata ciza umuntu yogira musi y’izuba kirusha iki: kurya no kunywa no kunezerwa; kukw ivyo bizogumana na we mu butame bgiwe imisi yose y’ukubaho kwiwe, iyo Imana yamuhaye musi y’izuba.


Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa.


Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane.


Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye, Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.


Umve rero, yemwe abavuga ng’ Uyu musi cank’ ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’ umwaka, tudandaze, turonke inyungu:


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


Umve mwese abacana umuriro, bakīshira imuri impande zose: ni mugende mumurikiwe n’umuriro wanyu, bo n’imuri mwidomekeye. Ivyo muzoronka mu kuboko kwanje n’ibi: muzoryamana umubabaro.


Umwami Uhoraho anziburuye ugutwi, nanje sinabaye ikigāba, canke ngo mpindukire nsubire inyuma.


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Umutima w’abanyabgenge uri mu nzu y’abagandaye, arik’ umutima w’ibipfu uri mu nzu y’ibikino.


Maze ndibaza mu mutima wanje, nt’ Iherezo ry’igipfu ni ryo rizoba iherezo ryanje; none se, kumurusha ubgenge vyammariye iki? Maze ndavuga mu mutima wanje, yuko na vyo ar’ ubusa.


Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho. Bārononekaye, bākoze ibikorwa vyo kwankwa urunuka, Nta wukora ivyiza.


Yibgira mu mutima, ati Nta kizonsegenyesha; Kugeza ibihe vyose sinzokwigera mpīndāna.


Nuk’ umwami w’i Siriya aramubarira, ati Shirak’ ugende, nanje ndandikira umwami w’Abisirayeli icete. Nukw aragenda, ajana amafeza italanto cumi n’amazahabu shekeli ibihumbi bitandatu n’imyambaro cumi yo gukūranya.


Nuko ngo tumanuke tuyoberanye ururimi rwabo, boye kwumvikana mu kuvuga kwabo.


Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.


None rero reka mbereke ivyo ngira ngirire uruzabibu rwanje: ngira nkūreh’ ururombero rwarwo, maze rwonwe ruvumburwe; kandi nsambure uruzitiro rwarwo, rucibge iyondoyondo;


No mu gutwenga umutima ushobora kubabara, Kand’ iherezo ry’ibitwengo rikaba amaganya.


Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.


None ni nde ashobora kurya, canke ni nde ashobora kugira umunezero kurusha jewe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite