9 Vyongeye kandi, Umusiguzi kuko yar’ umunyabgenge yashishikaye kwigisha abantu ubgenge; mbere yakoze irya n’ino, araserangura, aroranya imigani myinshi.
Yigeneye imigani ibihumbi bitatu, n’indirimbo igihumbi na zitanu.
Imigani ya Salomo mwene Dawidi, umwami w’Abisirayeli,
N’iyi nyene n’imigani ya Salomo, iyo abantu ba Hezekiya umwami w’i Buyuda batoranije.
Imigani ya Salomo. Umwana w’ubgenge anezereza se, Arik’ umwana w’igipfu ababaza nyina.
Hahirwa abantu bawe, hahirwa n’aba bagendanyi bawe bama imbere yawe bakumva ubgenge bgawe!
Nuk’ Uhoraho aha Salomo ubgenge nk’uko yamusezeraniye, na we abana amahoro na Hiramu, basezerana isezerano ryo gufatanya.
Kand’ abāgize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira.