Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 12:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 mber’ abantu bazotinya igishizwe hejuru, ubgoba buzobaterera mu nzira; igiti citwa shakedi kizokwamuza, igihori kizogenda cikwega, kand’ agapiripiri kazotituka: kuk’ umuntu yīgīra i wabo w’intahava, mu nzira hakaba uruja n’uruza rw’ abamuririra:

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 12:5
19 Referans Kwoze  

Ko nziga i kuzimu kw ari ho i wanje, Nkaba nshashe uburiri bganje mu mwiza,


Kuko nzi yuk’ uzonshitsa mu rupfu, Ukanshitsa no mu nzu y’ ihūriro ry’abakiriho bose.


Imvi ku mutwe n’igitsibo c’ icubahiro, Kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.


Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.


Turimw’ abameze imvi n’ abatāma bukokori, Baruta so ubukuru iy’ atibona.


Umuntu wese muri mwebge az’ avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe: ni jewe Uhoraho.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako, rirambaza, rit’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndavuga, nti Mbona ishami ry’umurinzi.


nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka: ni jewe naremye, ni jewe nzoheka; mbere nzobaterura, mbarokore.


Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Ubutōre bg’imisore ni bgo nkomezi zabo, Kand’ icubahiro c’abatāma n’imvi.


akabona tutazananye, yoca apfa: twebge abasavyi bawe twoba dutumye imvi za data umusavyi wawe zimanukana umubabaro i kuzimu.


ati None ni mwanyaka n’uyu, akagira ico aba, muzoba mutumye imvi zanje zimanukana umubabaro i kuzimu.


Aramwishura, at’ Umwana wanje ntazomanukana namwe; kuko mukuru we yapfuye, akaba asigaye ar’ ikinege: yogira ic’ aba mu nzira, mugatuma imvi zanje zimanukana umubabaro i kuzimu.


Kandi nzobasābagiriza mu mahanga batigeze kumenya canke ba sekuruza babo: kandi nzorungika inkota ndayibakurikize gushitsa mbamaze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite