2 izuba n’umuco n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwiza, kand’ ibicu bitaragaruka imvura imaze guhita;
Kur’ uwo musi bazobabomboranira hejuru nk’ukw ikiyaga kibomborana: kand’ uwokwitegereza ico gihugu yobona har’ umwiza n’ivyago, kand’ umuco uzimanganijwe n’ibicu bihubikije.
Nukw amaze kuvuga ivy’ isandugu y’Imana, Eli ahanuka ku ntebe yiwe, agwa agaramye ku gikingi c’irembo, akenyura izosi, arahwera; kuko yar’ umutāma, kandi yari yiremereye. Yar’ amaze imyaka mirongwine ar’ umucamanza w’Abisirayeli.
Kandi Eli yar’ amaze imyaka mirongwicenda n’umunani; amaso yiwe yar’ ahumye, ntiyar’ akibona.
Mana, amazi yarakubonye, Amazi yarakubonye, aratinya: I bgina hahinda agashitsi.
Ni wewe watweretse amagorwa menshi akomeye, Uzokwongera uturabūre, Uzokwongera udukūre i bgina i kuzimu.
Idamba rihamagara irindi damba, kubgo kubomborana kw’amasūmo yawe: Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose birandengeye.
Ico gihe Eli yar’ atanguye guhuma, asigaye ahwihwisha gusa. Umusi ur’ izina yiryamiye ku buriri bgiwe,
Kand’ amaso ya Isirayeli yar’ asigaye abona ivyijiji kubgo gusāza, ntiyar’ acihweza. Arabamwēgereza, na we arabasoma, arabagūmbīra.
Isaka ashaje, amaso yiwe asigaye abona ivyijiji, ahwihwisha gusa, ahamagara imfura yiwe Esau, at’ Ewe mwana wanje! Aritaba, ati Sabge!
Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.
Imisi y’imyaka yacu n’imyaka mirongwirindwi, Canke naho, kubg’ intege nyinshi, yoshika kuri mirongumunani, Yamar’ ivyiratwa vyayo n’ ubutame n’umubabaro, Kukw ishira vuba, natwe tukaba tugurutse.
Kukw inyenyeri zo kw ijuru n’uburundo bgazo bitazokwaka, izuba rizocura umwiza rikirasa, n’ukwezi ntikuzobonesha umuco wakwo.
Izuba rizocura umwiza, bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zizoca zireka kwaka.