Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 12:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 12:14
17 Referans Kwoze  

Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Ni ko bizoba ku musi Imana izocira amabanga y’abantu amateka muri Yesu Kristo, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe buvuga.


Kandi ndababgira yukw ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Nuko ntimuze mubatinye, kukw ata catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.


bakazivamwo; abākoze ivyiza bakazukira ubugingo, abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka.


Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.


Navuze mu mutima, nt’ Imana izocira imanza umugororotsi n’umunyakibi: kuko kuri yo ari ho har’ igihe c’ikibaho cose n’igikorwa cose.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze, Agira aze gucira abari mw isi imanza, Azocira abari mw isi imanza zibereye, N’amahanga nk’ukw ar’ umwizigirwa.


Ni mutinye inkota: Kuk’ uburake bgihamagarira inkota, Kandi mumenye yuk’ urubanza ruzocibga.


Washize ivyo twagabitanije imbere yawe, N’ivyaha vyacu vyo mu mpisho wabishize mu muco uva mu nyonga hawe.


Ivyo urabikora, nanje ngahora, Ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose: Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite