Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 12:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 12:13
27 Referans Kwoze  

None rero, yemwe Bisirayeli, mbega har’ ikindi Uhoraho Imana yanyu abagombako, atar’ ukumwubaha, no kugendera mu nzira ziwe zose, no kumukunda, no kumukorera n’imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose,


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


ngo mwubahe Uhoraho Imana yanyu, mwitondere amabgirizwa yiwe yose n’ ivyagezwe vyiwe vyose, ivyo mbagera, mwe n’abana banyu n’ abuzukuru banyu, imisi yose y’ ukubaho kwanyu, kugira ngo mubone kuramba.


Kwubaha Uhoraho n’itanguriro ry’ubgenge, Abakora ivyo bafise ubgenge bushitse: Ishimwe ryiwe ryamah’ ibihe bidashira.


Maz’ ibgira abantu, Iti Rāba kwubaha Uhoraho ni bgo bgenge, Kandi kuva mu vyaha ni kwo gutahura.


Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; Kand’ azokwumva ugutakamba kwabo, abakize.


Nah’ umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo;


Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:


Kwubaha Uhoraho kuzana ubugingo, Kand’ ūmwubaha azorāra ahāze; Ivyago ntibizomutera.


Kwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ukumenya: Arikw ibipfu bikēngēra ubgenge n’inyigisho.


Uhoraho anezererwa abamwubaha, Anezererwa abitega imbabazi ziwe.


Kuko mu nzozi nyinshi harimw’ ubusa, no mu magambo menshi n’uko: ariko weho, wubahe Imana.


Ijwi riva kur’ iyo ntebe rivuga, riti Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abagurano bayo, abayubaha, aboroshe n’abakomeye.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


Umutima wawe woye kugirira ishari abanyavyaha, Arik’ ugire ishaka ryo kwubaha Uhoraho burinde bgira.


Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera.


Aramubarira, ati Ntukoze ukuboko kur’ uwo muhungu, ntugire ico umugira: kuko noneho mmenye ko wubaha Imana, kuk’ utanyimye umwana wawe, kand’ ar’ ikinege.


None ni nde yomenya ico umuntu akwiye mu kubaho kwiwe, imisi yose y’ ukubaho kwiwe kw’ubusa, amara ari nk’igitūtu? None ni nde yobarira umuntu ibizoba inyuma yiwe musi y’izuba?


Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.


Ariko gusa, ni mwubahe Uhoraho, mumukorere mushize igikonyo, bivuye mu mutima; murābe ivyo yabakoreye ingen’ ar’ ibihambaye.


Ndazi yukw ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukūrwa kuri co: Imana ni yo yagikoze, kugira ngw abantu bayubahe.


Ivyiza n’uko bimwe ubifata, ibindi na vyo ntubikūrek’ ukuboko: kuk’ uwubaha Imana azokwikiza mur’ ivyo vyose.


Umuntu wese yitondera icagezwe ntazogira ikibi abona; kand’ umutima w’umunyabgenge utahura ko hazoba igihe n’imanza:


Kandi ntimwibagire wa musi mwari muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu kuri Horebu, igihe Uhoraho yambarira, ati Nkoraniriza abantu, mbacūrire amajambo, kugira ngo bige kunyubaha imisi yose bazomara bakiriho mw isi, bavyigishe n’abana babo;


Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.


Uze wumvire ivyo Uhoraho Imana yawe yageze, ugendere mu nzira ziwe, witondere ivyo yashinze, n’amabgirizwa yiwe, n’amateka yiwe, n’ivyo yihanikirije, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose, kugira ng’ ugire ikiganza ciza mu vy’uzokora vyose n’ah’ uzoja hose;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite