11 Amajambo y’abanyabgenge ni nk’imihunda, kand’ amajambo atororokanijwe ni nk’imambo zishimangiwe, umwungere umwe ari we yayatanze.
Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.
Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?
Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.
Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?
kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,
Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?
Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.
Tega ugutwi, wumvire amajambo y’abanyabgenge, Kand’ ushire umutima ku kumenya kwanje.
No ku gutahura umugani n’ikigereranyo, N’amajambo y’abanyabgenge n’ubupfindo bgabo bapfinda.
Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,
Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?
Nzomushimangira nk’umusumari ahantu hagumye, azobera inzu ya se intebe y’icubahiro.
Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana.
Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena.
Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.
Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,
Ariko noneho mur’ aka kanya gatoya Uhoraho Imana yacu atweretse ikigongwe ciwe, adusigariza amasigarira, adushimangiye nk’umusumari Ahēra hiwe, kugira ngw akeshe amaso yacu, aduhēmbūre buhoro mu bugurano bgacu.
Arik’ umuheto wiwe wama ubanze, Ari n’ubukuba mu maboko, Abihawe n’amaboko y’Inyenkomezi ya Yakobo, Ari yo Mwungere, Igitandara ca Isirayeli,
Iciza n’ ukwumvira igihano c’umunyabgenge kuruta kwumviriza imvyino z’ibipfu.
Amajambo yo mu kanwa k’umunyabgenge n’ay’ igikundiro; arik’ umunwa w’igipfu uzogicisha umutwe.
Iminwa y’umugororotsi igaburira benshi, Arikw ibijuju vyicwa no kutagira umutima.