10 Umusiguzi yagerageje kurondera amajambo aryoshe, ni yo yanditswe atunganye, ni yo majambo y’ukuri.
kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza,
Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.
Akazīkira n’igisesema k’Uhoraho, Arikw amajambo y’igikundiro imbere yiwe ntagira akarohe.
Amajambo y’Umusiguzi, ni we mwene Dawidi, umwami aba i Yerusalemu.
N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Twebge tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu.
Umuntu anezererwa ukwishura kw’akanwa kiwe, Kand’ ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!
Jewe Umusiguzi nar’ umwami w’Abisirayeli i Yerusalemu.
Iminwa y’umugororotsi izi ibishimwa, Arikw akanwa k’abanyakibi kavuga ibidadi.