Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 11:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ewe wa musore, nezererwa ubusore bgawe, kand’ umutima wawe ukunezereze mu misi y’ubusore bgawe, kand’ ugendere mu nzira z’umutima wawe, no mu kurāba kw’amaso yawe: ariko wame ubizi yukw Imana izogushira mu rubanza rw’ivyo vyose.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 11:9
41 Referans Kwoze  

Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.


Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;


Ni vyiza k’umuntu amenyerezwa ingōgo yo kuganzwa akiri muto.


Navuze mu mutima, nt’ Imana izocira imanza umugororotsi n’umunyakibi: kuko kuri yo ari ho har’ igihe c’ikibaho cose n’igikorwa cose.


Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka,


Asangw’ ibirenge vyanje vyarakebeje mu nzira, Umutima wanje ugakurikira amaso yanje, Kand’ asangwa har’ agasembga na kamwe kometse ku biganza vyanje:


Ariko weho, n’iki gituma uhinyura mwene So? Kandi nawe, n’iki gituma ukēngēra mwene So? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.


Ikintu cose amaso yanje yifuza sinakiyima, kandi sinabujije umutima wanje ikinezereza na kimwe, kand’ umutima wanje wanezerezwa n’ubutame bganje bgose; kand’ ivyo bimbera umugabane uvuye mu butame bganje.


abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.


Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya.


Arik’ umuntu ni yagira ico akora ku kagāgazo, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, azoba angaye jewe Uhoraho; uwo muntu az’ acibge mw ihanga ryabo.


arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.


Ntibahengeshanya kubarira abakēngēra ijambo ryanje, bat’ Uhoraho yavuze ngo Muzoba amahoro; kand’ umuntu wese agendera mu budadarare bg’umutima wiwe, baramubgira, bati Nta cago kizobazako.


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.


Ntihaze hagire uwumva amajambo y’uyu muvumo, ngo yihende mu mutima wiwe, ati Nzoba amahoro, naho mpfa uko ngenze; ivyo vyoba ar’ ukurandurana ibitotahaye n’ivyumye.


Ubgo buyonga, uko mubukubisekw ijisho, muzokwama mwibuka ivyagezwe vyanje vyose, jewe Uhoraho, muvyitondere; kugira ngo mwoye gukurikira ivyo imitima yanyu n’amaso yanyu vyifuza, ivyo mwakunda guhurumbira bikabahindura ibimaka;


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


ni yo yaretse amahanga yose mu bihe vyahise ngo bagendere mu nzira zabo.


Nukw ashitse imbere y’umwami, umwami aramubaza, ati Mikaya, tuje gutera i Ramoti‐gileyadi, canke dusigeho? Aramwishura, ati Dūga utere, bizokubera ko, kand’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi!


Bagejeje mu mashōka, Eliya arabashinyagurira, ati Ni mushire ijwi hejuru: erega n’imana! Kumbure yahubiye ku bindi, canke har’ ibiyifatiriye, canke yamaze urubanza, canke kumbure irasinziriye mukwiye kuyikangura!


Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho.


Umumarayika w’ Uhoraho aramubaza, at’ Ukubitiye iki iyo ndogoba yawe gatatu kose? Rāba nzanywe no kugutāngīra, kuk’ uhurūdukiye mu binyuranye n’ivyo ngomba.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


nabonye mw isahu umwambaro mwiza uvuye i Shinari, na shekeli z’ifeza amajana abiri, n’ikigabane c’izahabu kirivye shekeli mirongwitanu; ndaheza ndavyifuza, ndabitwara; kandi bizītse mu kuzimu mw ihema ryanje, n’ifeza ziri musi yavyo.


Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.


Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima: ivyo na vyo nyene n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Ku musi w’amahoro unezerwe; ku musi w’ amarushwa wiyumvire: Imana yarabibangikanije, kugira ng’ umuntu ntaz’ aserangure ikintu na kimwe kizoba hanyuma yiwe.


Ndazi yukw ata kintu kibagirira ikimazi kuruta kunezerwa no gukora ivyiza imisi yose bakiriho;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite