Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 N’ukuri, umuco uraryoshe, kand’ amaso kubona izuba bitera umunezero.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 11:7
10 Referans Kwoze  

Ubgenge bungana n’umwandu mu kuba bgiza: mbere burushiriza kubera bgiza ababona izuba.


kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya.


Mu maso hakeye hanezereza umutima, Kand’ inkuru nziza zishira imisokōro mu magufa.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Umworo n’ūhahaza barahūra: Uhoraho ni we yahaye amaso ya bompi kubona.


Kugira ngw igarukane umutima wiwe ngo ntuje muri rwa rwobo, Abone kumurikirwa n’umuco w’ubugingo.


bitayeko ikaba itigeze kubona izuba canke kurimenya; iyo iraruhuka kurusha uyo:


Kuko wakijije ubugingo bganje urupfu, N’ibirenge vyanje mbega ntiwabikijije gutsitara? Ngo mbone ingene ngendera imbere y’Imana Mu muco w’abakiriho.


Imana yacunguye umutima wanje ngo ntuje muri rwa rwobo, Kand’ ubugingo bganje buzokwitegereza umuco.


izuba n’umuco n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwiza, kand’ ibicu bitaragaruka imvura imaze guhita;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite