Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 11:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nk’uk’ utazi inzira y’umuyaga iy’ ari yo, kandi nk’uk’ utazi ingen’ amagufa akurira mu nda y’ūtwaye inda, uko ni k’utazi igikorwa c’ Imana Rugira vyose.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 11:5
19 Referans Kwoze  

Umuyaga uhuhuta ah’ ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye ah’ uva, n’ah’ uja; uko ni kw amera, ūvyawe na Mpwemu wese.


Ereg’ ibikorwa vyawe birakomeye Uhoraho! Ivyiyumviro vyawe bishika i bgina kure.


ni ho nitegereje igikorwa cose c’Imana, yuk’ umuntu adashobora gutahura igikorwa gikorerwa musi y’izuba: kuk’ umuntu naho yokovya ate mu kugiserangura, atoruha agitahura; mbere nah’ umunyabgenge yokwibgira kw akimenye, na we nyene ntazoshobora kugitahura.


Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe!


Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika.


Uhoraho we, ereg’ ibikorwa vyawe n’ivy’ uburyo bginshi! Vyose wabikoresheje ubgenge: Isi yuzuye ubutunzi bgawe.


Ibiri kure, bikaba i bgina iyo bihera, ni nde yoshobora kubishikīra?


Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa.


Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’ amatanguriro y’ isi? Bivuge, namb’ ufise ubgenge.


Īshobora vyose nta ho twoshobora kuyiserangura: ifise ububasha bunyomoje; Kand’ ica imanza zibereye, igira ukugororoka kwinshi: Nta ho idendereza.


Ni yo ikora ibihambaye bidaserangurwa, N’ibitangaza bidaharūrika;


Umuyaga ushira i bumanuko, ugahindura ushira i burārūko; uhindagura akanya kose mu rugendo rwawo, maz’ ugasubira mu gushira irya n’ino kwawo.


Nashize umutima wanje ku kuronderesha ubgenge no kubuserangurisha ibikorerwa musi y’ ijuru vyose: n’umuruho ugoye, Imana yahaye abana b’abantu ng’ ubaruhishe.


Nitegereje umuruho Imana yahaye abana b’ abantu ng’ ubaruhishe.


Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’ umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.


Ūgendeza umuyaga ntazobiba, kand’ uwitegereza ibicu ntazokwimbura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite