Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 11:1
21 Referans Kwoze  

Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’ utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ ibi cank’ ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.


Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.


Arikw ico mvuga ngiki, ng’ Ūbiba nke, azokwimbura bike, ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi.


Murahiriwe, yemwe ababiba mu biyaya vy’ amazi yose, mukarekura inka n’ indogoba kugenda umwagambo.


kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.


Arik’ umunyabuntu imigabo yiwe n’ukugira ubuntu, kand’ ukwo kugira ubuntu azogushishikara.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


Ūrābana ijisho ry’irinyabuntu azohabga umugisha, Kukw aha umugorwa ku vyo kurya vyiwe.


Umunyakibi aca ingero y’ibihendo, Arik’ ūbiba ubugororotsi aronka impēra y’ukuri.


nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako.


n’ubūki, n’urubu, n’ intama, n’umukānyūre w’amavuta y’inka, babigemurira Dawidi n’ abo bari kumwe; kuko bari biyumviriye, bat’ Abantu barashonje kandi bararushe, bafise inyota aho bari mu bugaragwa.


Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


igihe co kurondera n’igihe co gutakaza; igihe co kubungabunga n’igihe co guta;


N’uwa zibiri abigenza artyo, yungukamw’ izindi zibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite