Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Umusiguzi 10:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Uwimba icobo azogikorokeramwo, kand’ ūmena urugo inzoka izomukomora.

Gade chapit la Kopi




Umusiguzi 10:8
13 Referans Kwoze  

Uwimba icobo azokigwamwo, Kand’ ūtembagaza ikibuye kizomugarukako.


Nuko Hamani bamumanika kur’ ico giti nyene yari yiteguriye Moridekayi. Maz’ uburake bg’umwami burahwama.


Kandi naho bokwinyegeza ku mpinga ya Karumeli, na ho nzobarondera mbanyegurureyo; canke naho bokwihisha inyonga zanje i bgina mu kiyaga, aho na ho nzogomora inzoka ibakomorereyo.


Erega ni nk’ah’ umuntu yohunga intambge agahūra n’idubu, canke yokwinjira mu nzu agashinga ukuboko ku rusika, inzoka ikamukomora.


Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


Aja i wabo i Ofura, yica bene se, ari bo bene Yerubayali, abakererera kw ibuye rimwe; ariko Yotamu umuhererezi wa Yerubayali, ararokoka, kuko yaciye yinyegeza.


Maz’ imisore cumi yatwaza Yowabu ibirwanishwa, ica Abusalomu irya n’ino, iramuhohosha, arapfa.


Bateze ibirenge vyanje umutego; Umutima wanje uricurikiriye. Bimvye icobo imbere yanje: Baba ari bo bakirokeramwo. Sela.


Ubugororotsi bg’abagororotsi buzobakiza, Arikw abakora ivy’ ubugunge bazofatwa n’ukugira nabi kwabo.


Uwimba amabuye azomukomeretsa, kand’ ūsatura ibiti bimushira mw irinde.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite