3 Mbere kandi, igipfu iyo kigenda mu nzira, ubgenge bgaco burazimira, kikabarira umuntu wese, ng’ Ur’ igipfu!
Igipfu ntigihimbarwa n’ubgenge, Ariko gihimbarwa no kwiyerekana uko kimeze mu mutima.
Uwitonda wese akorana ubgenge, Arikw igipfu canda ubupfu bgaco.
Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza;
Kukw inzozi ziterwa n’ibikorwa vyinshi, kand’ ijwi ry’igipfu rimenyekanira ku magambo menshi.
Iminwa y’igipfu ija mu bihāri, Kand’ akanwa kaco kagihamagarira inkoni.