2 Umutima w’umunyabgenge umuroresha i buryo, arik’ umutima w’igipfu ukiroresha i bufuti.
Kand’ igipfu gihogomboka mu magambo; umuntu ntazi ibizobaho; kand’ ibizobah’ inyuma yiwe yobibgirwa na nde?
Incabiti iy’ ipfushe, umuntu ntayikarishe, azoba akwiye kwongerakw inkomezi zo gushimika; arik’ ubgenge bugira ikimazi mu kurōngōra umuntu.
Igipfu bikimariye iki kugira ibiguzi mu ntoke ngo kigure ubgenge, Kandi kitagira umutima?
Ubgenge bg’uwitonda bumumenyesha inzira yiwe, Arik’ ubupfu bg’ibipfu burabihenda.
Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.
Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.
Intama azoziherereza i buryo bgiwe, impene na zo i bumoso.
None rer’ asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, avyagiye i buryo bg’Imana.
Iminwa y’abanyabgenge ikwiza ubgenge, Arik’ umutima w’ibipfu si k’umeze.