19 Amazimano azimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.
Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.
Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana.
Nzobgira umutima wanje, nti Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitikirana imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.
Baririra mu nzira kuko babuze vino; ahār’ umunezero burīje mazingi, ibinezereza vyo mu gihugu biragiye.
Yatanze isābagire, yahaye abakene, Ukugororoka kwiwe kwamah’ ibihe bidashira. Ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu cubahiro.
Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.
amatongo yabo n’ibintu vyabo bārabigura, bakabibagabanganya bose, nk’uk’ umuntu wese akennye.
Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.
na Yowana muka Kuza, umubgiriza wa Herode, na Susana, n’abandi bagore benshi, bābafashisha ivyabo.
Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.
Ariko twoye kubatsitaza, genda ku kiyaga, uteremw’ igera, wābīre ifi iribubanze gufatwa, uyasamike, urasangamwo shekeli; abe ari yo ujana, uyitange kubganje nawe.
Inyungu n’impēra vyaho bizoba ivyera k’Uhoraho; ntibizobīkwa kandi ntibizoshirwa ukwavyo, kukw inyungu zaho zizoba iz’ abahora imbere y’Uhoraho, kugira ngo barye bahāge, baronke n’imyambaro myiza.
Ndababgira, nti Twebge uko dushoboye twaracunguye Abayuda bagenzi bacu bāri baraguzwe n’abanyamahanga; ariko mweho bagenzi banyu murabagura, na bo bakīshora ngo tubagure! Baca barihorera babura iryo bavuga.
Ababanyi babo bose babaha intererano z’ibintu vy’amafeza n’amazahabu n’ibindi, bo n’ibitungano n’ibintu vy’igiciro kinini, ukūyemw’ ivyo bashikanye vyose bivuye ku mitima ikunze.
Umwami Dawidi yishura Orunani, ati Na mba: turabigura, nguhe igiciro bimaze cose; singomba gutwara ivyawe ngw abe ari vyo nshikanira Uhoraho, canke ngo ndamwosereze ibimazi ata co binkeheje.
Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.
Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye.
Umuzabibu uravyishura, uti Mbeg’ aho noheba vino yanje inezereza Imana n’abantu, ngo nje kwirirwa ndahungabana hejuru y’ibiti?
Yosefu avuga ko babakamatira no ku bindi biryoshe bir’ imbere yiwe; ariko kw ivya Benyamini bisumba ivyabo gatanu. Nuko baranywa, barahimba, banezeranwa na we.
Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.
Niziganguye mu mutima wanje uko nonezeresha umubiri wanje vino, umutima wanje ukindōngōresha ubgenge, n’ingene nokurikira ubupfu, kugira ngo mbone ivyo abana b’abantu bakwiye gukorera musi y’ijuru imisi yose y’ukubaho kwabo.
Se amanutse i wabo w’uwo mwigeme, Samusoni arondeza amazimano y’ubukwe, kukw abasore ari wo war’ umugenzo wabo.
Nuko ku musi ugira indwi umutima w’umwami umaze gukankamurwa na vino, abarira Mehumani na Bizita na Haribona na Bigita na Abaguta na Zetari na Karukasi, abo ukw ar’ indwi bār’ inkone zihēreza uwo mwami Ahasuwerusi,